
Ukraine itangaza ko yakubise indege zitera ibibombe zirenga 40 z’Uburusiya ku butaka bw’iki gihugu, mu gitero gisa na kimwe mu bitero vyerekana ukurinda kudasanzwe ku ndege z’Uburusiya.
Nk’uko biri mw’itangazo ry’igisata ca Ukraine kijejwe umutekano n’igendereza, SBU, “indege z’intambara z’umwansi ziriko zirasha mu kivunga”.
Rivuga ko Ukraine iri mu “gikorwa kidasanzwe kinini kigamije gusambura indege umwansi akoresha mu kurekura ibibombe”. Rivuga ko indege zirenga 40 zarashwe.
Iki gisata casohoye videwo ikomeye kivuga ko yerekana igitero ca za ndege zitajamwo umudereva (drone) ku kigo c’igisirikare kirwanira mu kirere ca Belaya mu ntara ya Irkutsk, mu karere ka Siberia.iyi videwo yerekana izi ndege zitera ibibombe ziriko ziraterwa ziri hasi, haboneka mbere n’ibiturika hamwe n’umwotsi uduga hejuru.
Amakuru avuga ko izindi ndege zatewe ari izo ku kigo c’igisirikare kirwanira mu kirere c’ahitwa Olenya hafi y’igisagara ca Murmansk. Ibinyamakuru vy’Uburusiya biriko biravuga ivy’iki gitero c’aha i Murmansk ariko bikavuga ko igisirikare kirwanira mu kirere kiriko kirakora. Eka n’iki gitero c’i Irkutsk na co nyene kiriko kiravugwa.
Abatari bake muri Ukraine bariko baribaza nimba iki gitero kitoba ari co ca mbere co gushira amanga gikozwe ku butaka bw’Uburusiya gushika ubu.
Nk’uko amakuru ava muri SBU, igi gitero ciswe “Operation Spider’s Web” cari kimaze umwaka wose n’igice gitegurwa kandi cari gihagarariwe na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine we nyene ubwiwe.
Ibibuga vy’indege bine ni vyo vyatewe, hirya kure ku butaka bw’Uburusiya, harimwo na zimwe mu ndege zikomeye cane za Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya).
Ukraine yari imaze gukora ibitero ku ndege nk’izi imbere y’aha, ariko nta gitero cari bwashike kuri uru rugero.
Ntibiramenyekana ukungene iki gitero categuwe, ariko uravye utudrone dutoduto twakoreshejwe, bishoboka ko coba categuriwe hagati ku butaka bw’Uburusiya nyene.
Imbere y’aha, abategetsi ba Ukraine n’Uburusiya batangaje amakuru yavuguruzanya ku bitero bibiri ku magari ya moshi y’Uburusiya, imwe muri yo yarimwo ingenzi z’abasivire.
Amakuru yava i Moscou yavuga ko cari igitero c’iterabwoba ca Ukraine, mu gihe umutegetsi wo mu gisata c’umutekano i Kyiv yagirije Uburusiya gutegura igitero bwikozeko kugira ngo bwambike ibara Ukraine imbere y’ibiganiro vy’amahoro vyitezwe gutangura ejo ku wa mbere muri Turukiya.
Hagati aho, abategetsi ba Ukraine bavuga ko amadrone 472 n’ibisasu vya misire biraswa kure indwi vyakoze urukurikirane rw’ibitero kuri iki gihugu mw’ijoro ryakeye. Iki coba ari kimwe mu bitero vy’amadrone bikomeye cane vy’Uburusiya. Ukraine ivuga ko yakoroye 385 muri yo.