
Nta kintu kiryoshe nko kubona Lionel Messi ariko arondera kwitaza kugira ngo atere umupira wa coup-franc ku metero nka 20.
Messi yaraye yibukije abakunzi b’umupira – nimba koko vyari ngombwa – ko agishoboye gukora ibitangaza aho umurwi wiwe Inter Miami waraye wirahiye Porto mu rukino rw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose rihuza imirwi (Coupe du Monde des Clubs/Club World Cup).
Coup-franc y’iyi nararibonye mu mupira w’amaguru w’imyaka 37 yatewe n’ubuhinga budasanzwe, nta kuntu Claudio Ramos yari gushobora kuyikurayo.
Uyu ni ya ntibagirwa ku bakunzi ba Barcelona, aho benshi bibuka ibitsindo 73 yatsindiye uno murwi mu nkino 60 zose hamwe mu mwaka w’inkino wa 2011-2012.
Iki gitsindo kigira 68 yinjije kuri coup-franc cerekanye ko Messi atari ubuhinga abuze.
Juninho Pernambucano (ibitsindo 77 kuri coup-franc) yamaze hafi imyaka yose y’umwuga wiwe akinira Lyon hamwe na Pelé (70 kuri coup-franc), ni bo bakinyi bonyene gushika ubu basumvya Messi ibitsindo vyo kuri coup-franc.
“Ukuboko kw’Imana kwaramukozeko, si vyo? Ntibisanzwe. Ni umukinyi w’igitangaza koko”, bivugwa n’umunya-Portugal Jose Fonte yahoze akina inyuma.
Shay Given na we yahoze ari umunyegori wa Newcastle yabwiye imboneshakure Dazn ati: “Uramutse uronse akaryo ko kurorera uyu muhungu iyo aramutse akina – ntikagucike, genda urabe. Ibi ni vyo akora.
“Kuri we [iyi coup-franc] ni nka penalti – ntahusha. Ni igihangange.
“Ni maestro, akora ibisigabwenge, nta majambo woronka yo kumusigura”.
Iki gitsindo ca Messi yinjije kuri iyi coup-franc ku munota wa 54 caje haciye akanya gato mugenziwe Telasco Segovia agomboye ico bari batsinzwe mu gice ca mbere c’urukino, kikaba ari co cahaye intsinzi Inter Miami, kiyiha n’amahirwe mu rugamba rwayo rwo kurondera itike yo mu gice c’umunani gishira ica nyuma muri iri higanwa.
Ni yo ntsinzi ya mbere muri iri higanwa y’uno murwi wo muri MLS (Major League Soccer, ihiganwa ry’umupira w’amaguru muri Amerika), ibi bigasigura ko inota rimwe ryonyene mu rukino rwa nyuma rw’umurwi A aho izohura na Palmeiras yo muri Brezili, iyi ikaba ari yo iri hejuru, muri uno murwi, ryotuma iyi mirwi yompi ibandanya.