
Igihe Benjamin Netanyahu yari ahagaze imbere mu biro vyiwe vy’umushikiranganji wa mbere muri iki gitondo, ubwa mbere ntiyashikirije ijambo ryiwe mu Giburayo, mu kubabwira inkuru nshasha, zerekeye intambara arimwo.
Ahubwo yavuze mu Congereza, abwira prezida wa Amerika Donald Trump, amushimira inyuma y’ibitero ico gihugu cagize ku bigo vya nikreyere.
Kuba ijwi rya Netanyahu ryumvikana nk’iryo instinzi kandi akaza aranamwenyura, ntibitangaje. Mu gihe kirekire amaze muri politike yagumye arajwe ishinga n’akaga Iran ishobora gutera muri Israel.
Netanyahu amaze igihe kinini mu myaka 15 agerageza kugondoza Amerika ko ingingo ya gisirikare yonyene ari yo ishobora gusambura umugambi wa Iran wa nikreyere.
Mu gihe yariko arashimira Trump ku ngingo yafashe ikomeye “igiye guhindura amateka”, Netanyahu na we nyene akwiye kwiha amashi kuba yarashoboye kugondoza prezida wa Amerika agahindura aho ahagaze mu gihe yamirira kure ibikorwa vya gisirikare bibera mu bindi bihugu, kandi abamushigikiye bari banse ko yifatanya na Israel mu ntambara irimwo na Iran.
Mwomenya kandi ko abajejwe iperereza rya Trump batigeze berekana ivyemezo vya Israel vy’ingene Iran iriko irihuta cane mu gukora ikigwanisho ca nikreyere, canke ko yari yaramaze gufata iyo ngingo.
Muri iyi ntambara, yatanguye haraheze imisi 10, reta ya Israel n’igisirikare vyaguma bivuga ko Israel ifise ubushobozi bwo kwikurako Iran atawubafashije.
Ariko nta banga ririmwo ko Amerika ifise ibigwanisho bikomeye bishobora gusambura n’ubuhinga bwo mu rwego rwo hejuru bwo gukingira ibigo vya nikreyere, nka Fordo, cubatswe musi y’umusozi.
Nimba ibigo vya nikreyere vyatewe bombe mw’ijoro ryakeye ubu bidashobora gukora, umushikiranganji wa mbere wa Israel rero azoshobora kuvuga ko ico iyo ntambara yari igamije carangiye, nkeka bitume iyintambara yegereza ku mpera. Ku ruhande rwa Iran, ivuga ko yari yamaze gukura ibikoresho vya nikreyere muri ivyo bibanza.
Ariko iyo hataba ibitero vya bombe vyo mw’ijoro riheze, Israel yobandanije irasa ku bibanza vyinshi igisirikare cayo kigwanira mu kirere camaze imyaka n’imyaka gitegura.
Ivyononekara vyobandanije kugaragara ku gisirikare ca Israel, ku bategetsi baco, ku bahinga ba nikreyere, ku nyubakwa za reta hamwe no ku nyubakwa z’ubuhinga bwa nikreyere zishobora gusamburwa n’amabombe ya Israel.
Ariko Netanyahu ashobora kuba yanse gushikiriza iciyumviro gitomoya ca ryari Israel ishobora kuvuga ko umugambi wa nikreyere utakiri ikibazo ko wasambuwe burundu. Nkeka ihinduka ry’ubutegetsi muri Iran ari ryo rishobora gutuma ivyo biba.
Amabombe ya B2 ata nkeka yahinduye uko iyo ntambara iriko iragenda. Kuba ishobora kwiyongera gusumba bizovana n’ingene Iran n’incuti zayo bavyifashemwo.
Mu ndwi iheze, umutegetsi w’ikirenga wa Iran yiyemeje kwivuna Amerika mu gihe yohirahira ikinjira muri iyo ntambara.
Ayatollah Ali Khamenei yagize ati:”Abanyamerika bategerezwa kumenya ko igikorwa ico ari co cose ca gisirikare ca Amerika ata nkeka ko kizokurikirwa n’akabi kabishe.”
Ku musi wa Gatandatu gusa, aba Houthi bo muri Yemen – incuti za Iran zikomeye – zateye ubwoba ko zizogira ibitero ku mato ya Amerika aca mu kiyaga gitukura, mu gihe ico gihugu cohirahira kikinjira muri iyo ntambara.
Igisirikare ca Amerika, ibikorwa vyabo vy’urudandaza hamwe n’abanyagihugu ba Amerika bashobora guterwa ubu.
Iran ishobora kwihora mu buryo bwinshi, mu gihe yobishaka, mu gutera amato ya Amerika, canke ibirindiro vya gisirikare biri mu kigobe c’abarabu, canke mbere mu kubuza ko igitoro gica muri ico kigobe kirengana, ivyotuma igiciro kiduga cane.
Amerika yavuze ko, gushika ubu, igikorwa cayo ca gisirikare carangiye, kandi ko ata nyungu ifise yo gutembagaza ubutegetsi muri Iran.
Ibi bishobora gutuma Iran idashika kure mu kwihora, nkeka mu gutera ibinntu bifitiye inyungu Amerika ariko bidatuma haba abantu benshi bahagwa, canke mu gukoresha incuti zayo mu karere mu gukora ivyo.
Iran yahisemwo iyo nzira inyuma y’aho Trump ategekeye iyicwa ry’umusirikare mukuru Qasem Soleimani mu 2020. Ku musi wa gatandatu mw’ijoro, prezida wa Amerika yagabishije Iran, ko azokoresha inguvu z’umurengera mu kwivuna mu gihe hoba ukwihora.
Muri iki gitondo, akarere kose ko mu buseruko bwo hagati kari mu mayira ibiri, karindiriye nimba ibi ari intango y’uko iyi ntambara irangira canke ko ari intango y’intambara ahubwo ikaze gusumba.