
Igipolisi ca Kenya ciriwe gihanganye n’abaharugwa mu bihumbi bari myiyerekano mu mugwa mukuru Nairobi no mu yindi miji.
Amabarabara ya Nairobi hagati mu muji ku mugoroba hasa n’ahatekanye, aho hari hasigaye imigwi mitomito y’abamye mu myiyerekano.
Abiyerekana basaba ko perezida Ruto atanga imihoho.
Bagenda baririmba ngo “Ruto must go”, bashwara amabarabara y’umuji, bafise n’amabendera ya Kenya, ndetse n’amashami nk’ikimenyetso co kwiyamiriza (ivyo batemera) mu mahoro.
Ikindi gituma abanyaguhugu baja mw’ibarabara n’uko Kenya yashegeshwe n’ibikorwa vy’inyuruzwa ry’abantu kuva imyiyerekano y’abakiri bato itanguye, yandurutse ku nteguro y’itegeko rya leta ryo kwongereza amakori, hari kuwa 25 Ruheshi nk’uyu munsi mu 2024.
Kugeza mu masaha ya cumi n’imwe abapolisi bari bagitera imyuka irakira ku bari mu myiyerekano mu bibanza bimwe bimwe vya leta bikomakomeye.
Ariko igitigiri kinini c’abari mu myiyerekano bari batashe, basiga amabarabara yari asanzwe yuzura imodokari mu gihe c’amataha ku mugoroba, asa n’ayagaragara.
Abantu batari munsi ya 50 bivugwa ko bakomeretse.
Abantu batari munsi ya 8 bapfuye abandi bagera ku 400 barakomereka muri iyo myiyerekano nk’uko bivugwa n’abaganga hamwe n’amashirahamwe aharanira uburenganzira.
BBC ariko ntiyashoboye kugenzura neza ivy’impfu z’aboba baguye mu myiyerekano hirya no hino mu gihugu.
Ibitaro vy’igihugu vyakiriye abantu bakomeretse, ariko ntibizwi neza nimba muri bo harimwo aboba bafashwe n’amasasu.