Ikoraniro rya G20 mu Buhindi ryemeranije kw’itangazo rusangi, harimwo igice kivuga intambara yo muri Ukraine.
Ku musi wa mbere w’iri koraniro ry’imisi ibiri, abategetsi ba G20 bariyamirije ikoreshwa ry’inguvu mu kurondera kwihagira ubutaka, ariko baririnze kunegura Uburusiya amenya.
Reta ya Ukraine yoyo ivuga ko iri tangazo at ana kimwe “co kwishimira kirimwo”.
Ni bake bari biteze ko hashobora gusohoka itangazo rusangi, cane cane ku musi wa mbere w’iri koraniro, kubera ukutumvikana gukomeye muri iri huriro gutewe n’intambara yo muri Ukraine.
Ariko, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, yahavuye atangaza ko iri huriro ryashitse ku mwumvikano ku bijanye n’itangazo rusangi.
Ku wa gatanu, integuro ya mbere y’iri tangazo BBC yashoboye kubona yarimwo ikimenyetso gikomeye cerekana ko ibiganiro vyari bikibandanya gushika ku munota wa nyuma – kuko muri ryo, igice kivuga intambara ya Ukraine cari kikigaragara.
Ikintu cari giteje impari ni intambara ya Ukraine – nk’uko vyagenze mw’ikoraniro ryabereye i Bali muri Indonesia mu mwaka uheze.
Itangazo rya Delhi risa n’iryateguwe mu ntumbero yo guha akaryo impande zompi, ni ukuvuga Uburengero n’Uburusiya, kurondera ivyiza bohurirako. Ariko mu kwandikwa, hakoreshejwe ururimi rudakarishe cane mu kwiyamiriza Moscou (umugwa mukuru w’Uburusiya) nk’uko vyagenze i Bali mu mwaka uheze.
I Bali, abari mw’ikoraniro bariyamirije bivuye inyuma “igitero c’Uburusiya kuri Ukraine”.
Itangazo rya Delhi ntirinegura mu buryo bweruye Uburusiya kuri ino ntambara.
Ariko riragaruka ku “mahano iriko irateza kuri kiremwamuntu n’ingaruka mbi intambara yo muri Ukraine iriko iragira ku vyerekeye imfungurwa n’umuyagankuba kw’isi”.
Ikintu nyamukuru, iri tangazo riratandukanya neza ibintu mu kuvuga ngo “intambara yo muri Ukraine” hakuvuga “intambara yo kurwanya Ukraine”. Aya majambo yakoreshejwe ashobora kuba yarongereje amahirwe y’Uburusiya yo gutera igikumu kuri iri tangazo.
Ukraine ntiyari yatumiwe uno mwaka, ariko yari yatumiwe mw’ikoraniro ry’umwaka uheze i Bali, mbere ikaba yaneguye iri tangazo.
“Ku vyerekeye igitero c’Uburusiya kuri Ukraine, G20 nta kintu na kimwe yokwishimira”, niko umushikiranganji ajejwe imigenderanire yanditse kuri X (yahoze izwi nka Twitter).
Kuri Kyiv, kubona Uburengero bwirengangiza kwerekana ko ivyo Uburusiya buriko burakora muri Ukraine ari “igitero”, nta kindi bisigura atari uko izi ncuti zayo z’Uburengero bariko barabura insiguro baha “igice c’ubumanuko bw’isi” ku bijanye n’ingene bofata ino ntambara.
Hampande y’ibindi bitari bike vyaganiriweko ku musi wa mbere w’iri koraniro harimwo n’ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere riteye isibe kw’isi, ni Afrika kuronka ikibanza nk’umunywanyi ntayegayezwa muri iri huriro rya G20.
Delhi yashize imbere guha ijambo ibihugu bigize iki gice c’isi muri iki gihe irongoye G20, kandi mu gihe ca vuba iriteze akunguko izokura muri uno mugambi wayo ukomeye, mu gihe ihanganye n’Ubushinwa mu kurondera kugira ijambo muri Aziya na Afrika.
Uwu ni umugambi mwiza kuri Afrika kuko uno mugabane ufise abantu bashika imiriyaridi 1.4 z’abanyagihugu ubu ugiye kuzohora userukirwa cane mu mahuriro mpuzamakungu nka G20.