Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire avuga ko Israel idashobora gukora ivyo yishakiye muri Gaza ngo bigende uko nyene, akagabisha ko mu masaha ari imbere hashobora kuba ibikorwa vyo kuburizamwo.
Amajambo ashikirijwe n’uno mushikiranganji ni yo ya mbere akomeye yerekana ko intambara ishobora gukwirakwira, ikaba intambara y’akarere.
Umushikiranganji Hossein Amirabdollahian avuga ko mu masaha ari imbere “ihuriro ryo kwirwanako” (front de résistance/resistance front) rishobora gukora “ibikorwa vyo kuburizamwo” – mu gihe “ivyaha vyo mu ntambara ku Banyapalestina” bikorwa na Israel bitohagarara.
Iri “huriro ryo kwirwanako” rihurikiyemwo imihari ya gisirikare yo mu karere harimwo na Hezbollah, umuhari ukomeye cane wo muri Libani, ukaba ushigikiwe na Iran.
Mu ndwi iheze, Hezbollah n’igisirikare ca Israel vyarateranye ibisasu ku rubibe, hakaba hari ubwoba ko uru rushobora kuba urundi rwasiro rwiyongereyeko.
Hezbollah ifise ibirwanisho vyinshi cane, harimwo n’ibisasu vya misire bishobora gushika kure hagati muri Israel, co kimwe n’ibihumbi mirongo vy’abarwanyi bigishijwe neza ivy’intambara, hamwe n’abarwanyi karuhariwe.
Hezbollah – bisigura “Umugambwe w’Imana ” – ni umuhari wa poritike na gisirikare uhurikiyemwo aba-Islam b’aba-Shia ufise inguvu nyinshi muri Libani.
Washinzwe ubifashijwemwo na Irani mu gihe Israel yigarurira ubutaka bwa Libani mu ntango z’imyaka ya 1980, n’ubwo amarangamutima yayo afise amamuko muri Ilsma nshasha y’aba-Shia muri Libani mu myaka ya 1960 na 70.
Icuka kibi ku rubibe rwa Israel na Libani cariyongereye kuva Israel itanguye ibitero vyo kwihora Hamas muri Gaza. Aha hari ubwoba ko uru rushobora kuba urundi rwasiro muri ino ntambara na rirya Hezbollah isanzwe ishigikiwe na Irani iriko irayinjiramwo.
Iri “huriro ryo kwirwanako” ririmwo kandi imihari ifashwe mu mugongo na Irani muri Syria – ihana urubibe na Israel – hamwe no muri Iraki.
Ibihugu vy’Uburengero bigabisha Tehran ko itohirahira ngo isongere isibe muri iyi ntambara kandi gushika ubu amazi ntararenga inkombe. Ariko hari ababona ko ibi bishobora guhinduka mu gihe Israel yobandanya n’umugambi wayo wo gukora igitero co ku butaka, ibi bikaba vyoca bituma iyindi mihari y’abarwanyi itegerezwa kwihora.
Ni mu gihe igisirikare ca Israel kivuga ko muri iri joro ryakeye cateye ibibanza bivugwa ko bifitaniye isano n’umuhari Hezbollah mu kwishura ibitero vyawo kuri Israel. Nta bapfuye canke ngo bakomereke bavugwa.
Igisirikare ca Israel kimenyesha ko cishe abantu bane bariko bagerageza kwinjira muri iki gihugu bavuye muri Libani, kikavuga ko ari “abakora iterabwoba”.
Ibi biri uku mu gihe Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeza ko ariko ategura urugendo muri Israel ejo ku wa gatatu. Azoba asanzeyo umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire Antony Blinken asanzwe amaze imisi azunguruka muri aka karere.
Blinken avuga ko Perezida Biden “azoshimangira ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri kumwe na Israel”.
Blinken avuga ko Biden azokora kandi uko ashoboye mu twigoro two kugerageza kurekuza abanyurujwe na Hamas igihe yagaba igitero kuri Israel.
Avuga kandi ko umukuru w’igihugu ca Amerika ashaka kwumva ingene Israel yipfuza gukora igitero cayo ku buryo abasivire batogwa mu mporero, n’imfashanyo igashobora kwinjira muri Gaza ku buryo itaja mu minwe ya Hamas.
Ni urugendo ruteje impungenge abajejwe umutekano ba Amerika.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi John Kirky avuga ko ingingo ya Perezida Biden yo gufata urugendo rumushikana muri Israel idafatwa minenerwe.
Nta nsiguro nyinshi atanga ariko akavuga ati: “Ni urugendo rugufi cane “.
Biden azobanza kugendera Tel Aviv imbere yo gushika ahitwa Amman.
Abategetsi n’abashingamateka ba Amerika bari basanzwe bari mu rugendo vyabaye ngombwa ko binyegeza igihe ibisasu vya Hamas vyariko birakoragurika muri Israel mu misi iheze.
Eka n’ejo ku wa mbere, Antony Blinken vyabaye ngombwa ko yinyegeza mu nzu yo mu kuzimu (bunker) muri Tel Aviv mu kiringo c’iminota itari mike.
Kirby ati: “Ntitwari kwubahuka ngo dukore uru rugendo iyaba tutari twizeye ko hari ingingo nyazo z’umutekano”.
Avuga ko ibintu bitandukanye n’intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine, aho avuga ko Uburusiya butera Kyiv “amabombe y’urutavanako”. Avuze ibi kubera Biden yigeze gukora urugendo giturumbuka mu ntango z’uno mwaka rwari rwagizwe ibanga.
Perezida Biden azoshika no muri Jordania kubonana n’umwami Abdullah, Perezida Abdul Fattah al-Sisi wa Misiri, hamwe n’umukuru a Palestina Mahmoud Abbas.
Korea ya Ruguru ishobora kuba yarahaye Hamas ibirwanisho ikoresha – igisirikare ca Korea y’Epfo
Igisirikare ca Korea y’Epfo kivuga ko kibandanya gikurikirana ibimenyetso vyerekana ko Korea ya Ruguru yahaye Hamas ibirwanisho ikoresha mu gitero cayo kuri Israel.
Umutegetsi wa gisirikare yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Tubandanya turonka ivyemezo vy’uko Korea ya Ruguru imaze igihe irungika ibirwanisho bitandukanye mu bihugu vyo mu Buseruko bwo hagati n’imihari y’abarwanyi”.
Avuga ko haherutse gutorwa ibisasu vya 122mm vyahinguriwe muri Korea ya Ruguru hafi y’urubibe na Israel, bizwi ko bikoreshwa n’imihari ishigikiye Hamas canke abarwanyi bafitaniye isano na Hamas.
Uno mutegetsi avuga kandi ko amayeri yakoreshejwe na Hamas mu kwinjira muri Israel ikoresheje utudege dukoresha imitaka (parapentes/ paragliders) ashobora kuba yakomotse muri Korea ya Ruguru.
49 bishwe mu bitero mu bumanuko bwa Gaza – abategetsi ba Palestina
Hagati aho, Israel irabandanya icucagira ibibombe kuri Gaza, aho abategetsi ba Palestina batangaza ko abantu 49 baraye biciwe mu bitero vyakozwe mu bumanuko bwa Gaza.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Palestina buvuga ko 21 biciwe mu gitero co mu kirere cakozwe ku nzu mu gisagara ca Khan Younis, abandi 28 bicirwa mu gitero co mu kirere ku nzu yo mu karere ka Rafah, hafi y’urubibe rwa Misiri.
Ubushikiranganji bwa Palestina bujejwe imigenderanire buvuga ko abagore n’abana bari muri aba bantu 28 biciwe ku muhana.
Abanya-Gaza benshi barahungiye muri Khan Yunis inyuma y’aho reta ya Israel itegekeye abasivire guhungira mu bumanuko.
IDF yakoze ibitero mu bisagara vya Gaza, Rafah, Jabaliya na Khan Yunis
Igisirikare ca Israel, IDF, kivuga ko cakoze ibitero bitari bike vyo mu kirere muri Gaza mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, bikaba vyakozwe ku cicaro c’umuhari Hamas, ku bigo vy’abarwanyi bawo hamwe no ku bibanza basanzwe binyegezamwo.
Nk’uko IDF ibivuga, ibi bitero vyakozwe mu karere ka Zeitoun mu gisagara ca Gaza, muri Rafah, Jabaliya na Khan Yunis.
IDF ivuga ko n’ubu ibandanya ibitero ku bibanza vya Hamas.
IDF: intambwe ikurikira muri ino ntambara si ngombwa ngo zihure n’ivyitezwe
Igisirikare ca Israel kiriko gitegura intambwe ikurikira mu bitero vyo kwihora kuri Gaza, ariko ko integuro zaco atari ngombwa ko zihura n’iz’abahinga biteze, ni ukuvuga igitero cihuta co ku butaka.
Umuvugizi w’igisirikare Liyetena-Koroneri Richard Hecht avuga ati: “Turiko turategura intambwe zikurikira z’ino ntambara. Ntituravuga iz’ari zo. Bose bavuga igitero co ku butaka. Ariko gishobora kuba ari ikindi”.
Khamenei avuga ko abategetsi ba Israel bategerezwa kwishura ivyaha vyabo
Umutegetsi w’ikirenga wa Iran Ayatollah Ali Khamenei avuga ko abategetsi ba Israel bakwiye kurengutswa imbere y’ubutungane ku “vyaha bariko bakorera Abanyapaletsina”, niko imboneshakure ya Irani yavuze.
Khamenei ati: “Nta n’umwe azoshobora kurwanya aba-Islam n’ingabo zo kwirwanako mu gihe ivyaha vy’ubutegetsi bw’Abanyasiyoni ku Banyapalestina vyobandanya…gucucagira ibibombe kuri Gaza bitegerezwa guhagarara vuba bwango”.
Yongerako ati: “Abategetsi b’intwaro y’Abanyasiyoni bategerezwa kurengutswa mu butungane ku vyaha bakorera abanyapalestina muri Gaza”.
Kuva habaye impinduka hakaza intwaro ishingiye kw’idini rya Islam (Révolution Islamique/ Islamic Revolution) mu 1979, Irani yamye ishigikiye Abanyapalestina. Tehran (umugwa mukuru wa Irani) ntiyigera ihisha ko ifasha Hamas mu buryo bw’amafaranga n’ibirwanisho.
‘Tuzokwivuna’ – igisirikare ca Israel
Umuvugizi w’igisirikare ca Israel Jonathan Conricus aremeza ko Retra Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirakorana na Israel mu “buryo bwo gukinga”, agasigura neza kandi ko igihugu ciwe kidakeneye ubufasha butaziguye mu kurwanya Hamas.
Conricus ati: “Nibaza ko uruhara nyamukuru rwa Amerika, ata nkeka, ari ugutanga ubufasha, gukingira Israel, ariko kandi kubuza ko ibintu biyangara. Bakora mu buryo bwo gukinga, iki kikaba ari nkenerwa.
“Hanyuma kugira ngo muvyumvikane neza ku Banyamerika bose bariko baranyumviriza: twebwe muri Israel ntituriko turasaba kandi ntidushaka ko hari n’agashatsi na kamwe kova ku mutwe w’umusirikare wa Amerika ariko arwanira Israel. Tuzokwivuna”.
Conricus avuga kandi ko igice ca mbere c’imfashanyo ivuye muri Amerika yamaze gushikira Israel.
‘Akarere kose kari ku nkombe y’inyenga’ – Umwami wa Yorodaniya
Umwami Abdullah wa Kabiri wa Yorodaniya (Jordanie/Jordan), mu rugendo rwiwe mu Budagi, yavuze ko ivyago vy’uko akarere kose gashobora kugwa mu ntambara atari agaseseshwarumuri.
Ati: “Akarere kose kari ku nkombe y’inyenga”.
Agabisha kandi ku bijanye no kugerageza guhindira impunzi z’Abanyapalestina mu Misiri no muri Yorodaniya.
Ati:“Uwu ni umurongo utukura kubera nibaza ko ari integuro ya bamwe…ba bandi basanzwe bikekwa kugerageza gukosora ibintu ku rubuga uko bamye babigira”.
Muri uru rugendo ku mugabane wa Bulaya, Abdullah ari mu biganiro n’umukuru wa Reta y’Ubudagi Olaf Scholz imbere y’uko uno mutegetsi w’Ubudagi afata urugendo ruzomushikana muri Israel.