Amashirahamwe atandukanye aharanira agateka ka zina muntu yamaganye igihano co gupfungwa imyaka ine Sentare nkuru yo muri Tanzaniya yaciriye Tundu Lissu, umukuru w’umugambwe CHADEMA, ku wa gatanu, ku caha co guteza imigumuko.
Amnesty International yavuze ko ico gihano ari ingaruka z’urubanza, kuva mu ntango zarwo, rwabaye ata muco n’ubutungane birimwo. Umuyobozi w’iryo shirahamwe mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’iy’Ubumanuko, Tigere Chagutah, yavuze ko Lissu atari akwiye gufatwa, kurengutswa canke kugirizwa ivyaha.
Amnesty International ivuga ko Lissu yamaze imisi 577 apfunzwe vy’agateganyo azira ibikorwa arekuriwe n’amategeko. Iryo shirahamwe ryashimangiye ko uwo munyapolitike yankiwe kuvugana n’abamuburanira mu mwiherero, ivyo bikaba vyatumye ahitamwo kwiburanira.
Iryo shirahamwe ryavuze kandi ko ibiganiro vyariko birakurikiranwa ku bijanye n’uko urubanza rwagenze vyahagaritswe. Muri ico gihe, bamwe mu bari baje gukurikirana urubanza bavuye mu mahanga barapfunzwe, mu nyuma barirukanwa ku butaka bwa Tanzaniya.
Amnesty International ivuga ko Tundu Lissu yapfunzwe mu buryo butabereye. Yasavye Tanzaniya gukuraho ico gihano, ikamurekura ata yandi mananiza, ikongera ikubahiriza uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro no gukoranira hamwe mu mahoro.
Ku ruhande rwayo, ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) ryavuze ko ico gihano ari ikimenyetso cyibyo ryise ukubandanya gucinyiza abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzaniya.
Iryo shirahamwe ryavuze ko urubanza rwa Lissu rwateye amakenga ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, kubera ko rwagiye rurateba kenshi, hamwe n’ibirego bivuga ko yankiwe kuvugana n’abamuburanira mu mwiherero.
