Perezida Volodymyr Zelensky yasohoye videwo yiwe ari mu rugendo mw’izinga ryaje kuba ikimenyetso c’urugamba rwa Ukraine rwo guhangana n’umwansi – mu gihe intambara yinjiye ku musi ugira 500.
Igihe intambara yaduka, ingabo za Ukraine zari zicungereye Izinga ry’Inzoka/ Île des Serpents/Snake Island zarabaye rurangiranwa igihe zanka itegeko ryatanzwe n’intwazangabo yari mu bwato bw’intambara ico gihe, ryabategeko kumanika amaboko.
Iri zinga ryo mu Kiyaga cirabura (mer Noire/Black Sea) ryarigaruriwe n’Uburusiya, ariko mu nyuma Ukraine iraryisubiza.
Muri iyo videwo, umukuru w’igihugu ca Ukraine yise iri zinga “ikibanza c’intsinzi” kitazokwigera gisubira kwigarurirwa n’umwansi.
Muri ino videwo iterekana itariki yafatiweko, ikaba yacishijwe ku rubuga rwa Telegram, Perezida Zelensky avuga ko iri zinga ari ikimenyetso c’uko Ukraine itazohebera umwansi n’isentimetero imwe gusa y’ubutaka bwayo bwigaruriwe n’Uburusiya kuva intambara itanguye ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022.
Muri iyo videwo imwerekana ashika kuri iri zinga n’ubwato yongera ashira amashurwe ku cibutso, avuga ati: “Mpagaze ng’aha nyene, mu kibanza c’intsinzi, ndashaka gukengurukira umw’umwe wese mu basirikare bacu kuri ino misi 500”.
Mu mwaka uheze, ubwato bw’intambara bw’Uburusiya Moskva bwashitse kuri iri zinga mu masaha ya mbere nyene y’intambara butegeka abasirikare ba Ukraine kwishikana.
Intwazangabo y’Uburusiya yategetse iti: “Nobahanura gushira ibirwanisho vyanyu hasi, hanyuma mukishikana kugira ngo amaraso ntaseseke, ntihagire abapfira ubusa canke ngo bakomereke. Atari ivyo naho muraterwa amabombe”.
Inyishu ya Ukraine n’amajambo impande zompi zateranye vyarakwiragiye cane igihe umusirikare yishura buno bwato bw’intambara ngo “genda ikuzimu” – n’aho hari mu majambo akarishe.
Izinga ry’Inzoka ryarafashwe, abasirikare ba Ukraine nabo bagirwa imbohe – ariko mu nyuma bararekurwa mu gikorwa co guhanahana impfungwa.
Mu kwa gatandatu kw’umwaka uheze, ingabo za Ukraine zarisubije iri zinga.
Iyi videwo yo kuri uno wa gatandatu isohotse inyuma y’umwanya munini w’ino ndwi Zelensky yari amaze abonana n’abategetsi ba Bulaya mu rugendo rwo gushigikira igisabo ca Ukraine co kwinjira mw’ishirahamwe ryo kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN.