Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Centrafrique, Albert Yaloke Mokpem, avuga ko irungikwa ry’abacangero ba Wagner bari muri ico gihugu ari ibisikanya, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Muri ino ndwi, ikinyamakuru Jeune Afrique catangaje ko abacangero b’Abarusiya bari hagati ya 500-600 bafashe indege i Bangui, umugwa mukuru wa Centrafrique ibasubiza i Moscou.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Yaloke Mokpem yavuze ati: “Si ukuvuga ko bagiye ubutakigaruka, ahubwo ni ibisikanya. Hari abagiye, hari abandi bazoza”.
Ku wa gatanu, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Dmitry Peskov abajijwe nimba Kremlin izi ivy’irungikwa ry’aba bacangero bari muri Centrafrique, yishuye ati: “Ntaco mfise novuga kuri iki kibazo”.
Abarwanyi b’umuhari w’abacangero Wagner barabarizwa mu bihugu bitari bike vya Afrika, harimwo Centrafrique na Mali.
Hibazwa ko ivanwa rya bamwe mu barwanyi ba Wagner muri Centrafrique riri mu gikorwa co gutunganya gushasha uno muhari inyuma y’iyo migumuko iherutse gukorwa n’umukuru wawo Yevgeny Prigozhin mu Burusiya.
Inyuma y’iyi migumuko hibajijwe vyinshi kuri kazoza k’aba barwanyi ku mugabane wa Afrika, mu gihe ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bwari bufise intego yo kugenzura aba barwanyi.
Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov aherutse kuvuga ko ibikorwa vy’aba barwanyi babonwa na benshi nk’abahagarariye mu buryo buteruye leta y’Uburusiya kuri uno mugabane bizobandanya.
Jeune Afrique yandika ko bitegekanijwe ko ingabo zimwe z’uno muhari zizogarukanwa muri Centrafrique inyuma y’iki gikorwa co gutunganywa uno muhari.
Iki kinyamakuru kivuga kandi ko bitazwi neza nimba uwuhagarariye Wagner muri Centrafrique, akaba kandi ari n’umuhanuzi w’umukuru w’iki gihugu, Vitaly Perfilyev, azogumayo.
Inyuma y’imigumuko ya Prigozhin, amakuru yavuga ko Kremlin yafashe ingingo yo gusubiriza Perfilyev n’izindi ntwazangabo nkuru nkuru n’aba bacangero muri Centrafrique.