bihugu bitari bike vy’incuti za Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyerekanye ko bitishimiye ingingo ya Washington yo kurungikira Ukraine ya mabombe yiyamirizwa n’ibihugu bitari bike.
Ku wa gatanu, Amerika yaremeje ko igiye kurungikira Ukraine aya mambombe atekeye utundi tubombe dutoduto, azwi nka cluster bombs/ bombes à sous-munitions, Perezida Joe Biden akavuga ko yabaye “ingingo itoroshe na gato”.
Mu kwishura kuri ino ngingo, Ubwongereza, Canada na Espagne vyaciye bimenyesha ko bidashigikiye ikoreshwa ry’ibi birwanisho.
Cluster bombs canke bombes à sous-munitions, armes à sous-munitions/ Cluster munitions zaraciwe mu bihugu birenga ijana kubera akaga ziteza ku basivire. Aya mabombe arekura utubombe dutoduto dushobora kwica benshi tutavanguye mu karere kanini.
Ibi birwanisho kandi vyateje impari kubera urugero runini rw’utu tubombe dutoduto tudaheza ngo duturike uwo mwanya turekuriweko. Iyo tudaturitse, dushobora kumara imyaka n’imyaka turi ku butaka, tukazoturika mu rudavagi.
Umuhanuzi wa Amerika mu bijanye n’umutekano Jake Sullivan yabwiye abamenyeshamakuru ko urugero rwa bombes à sous-munitions za Amerika zirungitswe muri Ukraine zidaturika ruri hasi cane ugereranije n’iziriko zirakoreshwa n’Uburusiya muri iyo ntambara.
Mu kiganiro na CNN ku wa gatanu, Perezida Biden yavuze ko yavuganye n’ibihugu vy’incuti kuri ino ngingo iri mu bigize imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 800 z’amadorari y’abanyamerika.
Yavuze ko vyamufashe igihe kugira yemere gufata iyi ngingo, ariko ko yayifashe kubera “abanya-Ukraine bariko barahererwa n’amasasu”.
Amashiramamwe aharanira agateka ka zina muntu yaciye yihutira kunegura iyi ngingo, aho nka Amnesty International ivuga ko bombes à sous-munitions ziteza “akaga gakomeye ku buzima bw’abasivire, kandi igihe kirekire inyuma y’intambara”.
Hanyuma kandi ejo ku wa gatandatu, bimwe mu bihugu vy’incuti za Amerika zo mu burengero zaranse gushigikira iyi ngingo.
Abajijwe aho ahagaze ku ngingo ya Amerika, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak yasiguye ko Ubwongereza buri mu bihugu 123 vyateye igikumu ku masezerano ajanye n’aya ma bombes à sous-munitions azwi nka Convention sur les armes à sous-munitions/Convention on Cluster Munitions, akaba abuza guhingura no gukoresha ibi birwanisho.
Umushikiranganji wa Espagne ajejwe kwivuna abansi Margarita Robles yashitse kure, aho yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe “ciyemeje cane” ko ibirwanisho bimwe bimwe n’amabombe amwe amwe bidashobora kurungikwa muri Ukraine.
Ati: “Oya kuri bombes à sous-munitions, ego ku burenganzira bwa Ukraine bwo kwivuna umwansi, tugatahura ko budashobora gukorwa hakoreshejwe bombes à sous-munitions”.
Reta ya Canada ivuga ko ifise impungenge nyinshi ku ngaruka aya mabombe ashobora kugira ku bana, na rirya ashobora kumara imyaka myinshi ataraturika.