Wa murwi w’abacangero b’Abarusiya Wagner “nta ruhara runini ugifise mu ntambara yo muri Ukraine”, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa Pentagon (ibiro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika).
Ibi bivuzwe inyuma y’amayinga atari make uno murwi uteje imigumuko yamaze amasaha 24 mu Burusiya – ikibazo ku butegetsi bwa Perezida Vladimir Putin.
Wagner izwi ko yafashije Uburusiya kwigarurira akarere ka Crimée/Crimea ko muri Ukraine mu 2014, kandi ko yarwanye zimwe mu ntambara zikomeye ziheruka.
Yaragize uruhara rudasanzwe mw’ifatwa ry’igisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko bwa Ukraine.
Mu mwumvikano wahagaritse iyo migumuko yo mu kwezi guheze kwa gatandatu, abarwanyi ba Wagner babwiwe ko bashobora kwinjira mu gisirikare c’Uburusiya canke bakaja muri Biélorussie/Belarus bakajana n’umukuru wabo, Yevgeny Prigozhin.
Ariko muri ino ndwi, Kremlin yavuze ko Perezida Putin yari yabonanye na Prigozhin i Moscou imisi mike inyuma y’iyi migumuko.
Perezida Putin ashimangira ko yasobanuye neza ivyo yemereye aba barwanyi muri uno mubonano.
Avugana n’ikinyamakuru Kommersant co mu Burusiya ejo ku wa kane, yavuze ko bashobora kuba bahisemwo “kubandanya bakorera” igisirikare c’igihugu.
Ashimangira kandi ko ata mategeko agenga amashirahamwe ya gisirikare yigenga. Avuga yeruye, yagize ati: “Wagner ntibaho”.
Imbere y’aho kuri uwo musi nyene, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye abamenyeshamakuru muri Finland ko Prigozhin yokwitonda kugira ntahave ahabwa isumu kubera iyo mugumuko.
Biden ati: “Imana yonyene ni yo izi ico ashobora gukora. Ntitunazi n’iyo aherereye canke imigenderanire agiriranira [na Putin]. Iyaba nari we, notegerejwe kwitondera ivyo mfungura. Nokwama nshinze ijisho ku vyo bangaburira”.
Mw’ijambo yashikirije inyuma y’ikoraniro ryahuje abategetsi bo mu buraruko bwa Bulaya ku mugwa mukuru wa Finland, Helsinki, yavuze kandi ko Putin adashobora gutsinda intambara muri Ukraine.
Ati: “Yaramaze gutsindwa ino ntambara”.
Perezida Biden avuga ko amaherezo ari uko umukuru w’igihugu c’Uburusiya ashobora “guhitamwo ko kubandanya ino ntambara ata nyungu bizanira Uburusiya, mu butunzi, muri poritike canke mu bundi buryo. Ariko sinshobora kumenya neza ingene ibi bizoshika”.
Avuga ko afise icizere kandi ko yiteze y’uko Ukraine izotera intambwe ihagije mu gitero cayo co kwikura umwansi kw’izosi yotuma haba ibiganiro vyo kurangiza ino ntambara.
Ariko inyuma y’ukwezi iki gitero cari kirindiranywe igishika gitanguye, bamwe mu banya-Ukraine n’incuti zabo bafise amakenga ku kungene ingabo za Kyiv zigenda buke buke.
Abandi nabo bemeza ko ibirindiro vy’ingabo z’Uburusiya vyo guhangana n’umwansi bizoruhira gusenyuka, bigatuma Ukraine yigarurira ubutaka bukomeye ikanabandanya gushika mu karere ka Crimée kari mu minwe y’Uburusiya.
Ukraine imaze igihe kitari gito isaba incuti zayo z’Uburengero kuyiha iyindi mfashanyo ya gisirikare yoyifasha guhangana n’igitero c’Uburusiya.
N’aho ata kiringo yahawe c’igihe ashobora kwakirwa mw’ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe mw’ikoraniro ryaryo riheruka muri Lithuania, ibihugu vy’umurwi G7 uhurikiyemwo ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi vyarayemereye imfashanyo y’igihe kirekire izoyifasha guhangana n’igitero c’Uburusiya.
Ejo ku wa kane, umukuru w’igisirikare ca Ukraine Oleksandr Tarnavskyi yabwiye imboneshakure yo muri Amerika, CNN, ko igisirikare caronse imfashanyo ya mbere ya vya bibombe bitekeye ibindi bibombe, bizwi nka ‘armes à sous-munitions’ canke ‘bombes à sous-munitions’/’cluster munitions’, Ukraine iherutse kwemererwa na Amerika, ingingo yateje impari.
Ashimangira ko bishobora kuzoha akarusho kanini ingabo za Ukraine ziri ku rugamba.
Tarnavskyi ati: “Duherutse kubironka, ntituratangura kubikoresha, ariko bishobora guhindura ibintu [ku rubuga rw’intambara] ku rugero rukomeye.