Korea ya Ruguru yarashe icikekwa ko ari igisasu ca misire cambukiranya imigabane (ICBM), nk’uko bivugwa n’abategetsi b’Ubuyapani na Korea y’Epfo.
Iki gisasu ca misire kiraswa kure cagurutse mu kiringo kirenga isaha imbere yo kugwa hafi y’amazi yegukira Ubuyapani mu gatondo ko kuri uno wa gatatu.
Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea ya Ruguru) yarashe iki gisasu inyuma yo kugabisha Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko ishobora kwihora ku co ivuga ko ari ivogerwa riheruka ry’ikirere cayo ryakozwe n’indege maneko za Amerika.
Mu ntango z’ino ndwi, yagabishije ko ishobora kurasa indege nk’izi.
Icuka kibi cariyongereye muri uno mwaka mu karere ka Korea inyuma y’aho Korea ya Ruguru igeragereje igitigiri kinini itari bwagerageze c’ibisasu vya misire mu 2022, harimwo bimwe bishobora gushika ku butaka bwa Amerika.
Amerika na Korea y’Epfo vyarongereje imyimenyerezo rusangi ya gisirikare muri ako karere, mu kwihora Pyongyang ku bisasu vyinshi yarekuye be no ku cemezo yafashe co kwongereza ibirwanisho.
Ubwo nyene inyuma yo kurekura iki gisasu, umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo Yoon Suk-yeol yaciye atumako umubonano wihuta w’Inama y’igihugu ijejwe umutekano aho ari i Vilinus muri Lithuania, mw’ikoraniro ry’ibihugu bihurikiye muri OTAN/NATO.
Aciye ku buhinga bwa videwo, Yoon yabwiye inama y’igihugu ijejwe umutekano ko “ibikorwa vya Korea ya Ruguru biteye kubiri n’amategeko bizogira ingaruka”, nk’uko biri mw’itangazo ryo mu biro vyiwe.
Abarongoye ibisata vya gisirikare vya Korea y’Epfo basohoye kandi itangazo bavuga ko Washington na Seoul (umuga mukuru wa Korea y’Epfo) ziyamirije iraswa ry’iki gisasu bavuga ko ari “igikorwa kibi c’agasotoro, gihungabanya amahoro n’ituze mu karere ka Korea no mu makungu”.
Muri uno mwaka, Korea ya Ruguru yararekuye ibisasu bitari bike – harimwo n’ikigendajuru maneko capfuvye.
Mu kwa kane, yavuze kandi ko yagerageje igisasu ca misire cambukiranya imigabane “ca mbere gikomeye” gushika ico gihe.
Muri kano gatondo ko ku wa gatatu, abategetsi b’Ubuyapani n’aba Korea y’Epfo baciye bamenyesha badatevye ko Pyongyang irekuye iki gisasu ca misire.
Mu gihe cari kikiri mu kirere, aba bategetsi bashoboye kukimenya ko cari igisasu kiraswa kure.
Cagurutse gitera kija amaja mu buseruko kivuye muri Pyongyang mu kiringo kirenga isaha imbere yo kugwa mw’ibahari mu masaha ya 11:15 (isaha zitanu n’iminota 15 z’igitondo) mu masaha y’Ubuyapani, nk’uko bivugwa n’abajejwe gucungera umweha w’Ubuyapani. Ico gisasu cagenze ku ntera y’ibirometero 1000 nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Korea y’Epfo.
Korea ya Ruguru yaheruka kurasa ibisasu vya misire vyambukiranya imigabane hagati mu kwa gatandatu – mu kwihora imyimenyerezo rusangi ya Amerika na Korea y’Epfo. Hagati aho, yari yagerageje igisasu ca ICBM mu kwa kabiri.
Ibisasu vyo mu bwoko bwa ICBM birateye ubwoba kubera bishika ku ntera ya kure, harimwo no ku butaka bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Igihe Pyongyang igerageza kimwe muri Munyonyo (11) 2022, yakirashe ikirabishije hejuru, nticashika kure. Ariko cari gushika ku butaka bwa Amerika iyo igihengeka, nk’uko vyavuzwe na reta y’Ubuyapani ico gihe.
Mu misi y’imbere y’igerageza ryo kuri uno wa gatatu, mushiki w’indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong Un afise ububasha budasanzwe, Kim Yo-jong, yaragabishije Amerika ko indege zayo maneko zari kugira ingaruka “zibabaje”.
Aya majambo arerekana ingene Pyongyang yagumye “ishira hejuru” iterabwoba riva hanze kugira ngo ishigikirwe hagati mu gihugu ku mugambi wayo wo kugerageza ibirwanisho, nk’uko bivugwa na Leif-Eric Easley, umwigisha kuri kaminuza ya Ewha i Seoul.
Korea ya Ruguru kandi irazi gutora umwanya nyawo wo kwerekana inguvu zayo za gisirikare “kugira ngo itobe ico ifata ko ari urunani rwo kuyirwanya”, nk’akarorero ikoraniro rya OTAN muri Lithuania, ryinjiye ku musi ugira kabiri kuri uno musi igeragerejeko iki gisasu.
Uretse Yoon, umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Fumio Kishida na we nyene ari muri iri koraniro rya OTAN.
Pyongyang imaze igihe ihimiriza abanyagihugu bayo kuyifata mu mugongo mu gikorwa cayo co guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, bakaba biteze kubigaragaza ku wa 27 Mukakaro (7) igihe izoba iramutse ihimbaza amasezerano yo guhagarika intambara ya Korea, umusi uzwi mu gihugu nk’umusi w’intsinzi.
Mu mpera z’ukwa gatandatu, abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye ku kibuga co ku mugwa mukuru wa Korea ya Ruguru, barakubita kirazima, bafise ivyapa bicapuyeko ibisasu vya misire bishika ku butaka bwa Amerika.