Al Ahli iriko irategura imiriyoni 30 z’amapawundi yo kugura umunya-Algeria Riyad Mahrez w’imyaka 32 akina ku ruhande muri Manchester City. (Athletic)
Umumenyereza wa City Pep Guardiola yiteguriye ibiganiro na Mahrez mu gihe ariko araronderwa n’umurwi wo muri Arabia Sawudite. (Mirror)
Chelsea iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda ku musatirizi wa Brezili Neymar w’imyaka 31, igashobora kuzomurondera mu gihe yofata ingingo yo kuva muri Paris St-Germain. (Le Parisien – mu gifaransa)
Umurwi wo muri Arabia Sawudite Al-Ittihad uriteguye guha Liverpool imiriyoni 40 z’amapawundi kugira urabe ko yowuha umukinyi wayo wo hagati, umunya-Brezili Fabinho w’imyaka 29. (Athletic)
Umukinyi wo hagati wa Liverpool Umwongereza Jordan Henderson w’imyaka 33 yemeye amasezerano meza yemerewe na Al-Ettifaq imenyerezwa na Steven Gerrard. (Guardian)
Umukinyi wa Espagne Thiago Alcantara w’imyaka 32 ashobora gusezera muri Liverpool agasubira muri Barcelona muri rino ci. (Sport – mu ki-espagnol)
Hagati aho, Liverpool ishobora kurondera umukinyi wo hagati wa Southampton Umubirigi Romeo Lavia w’imyaka 19. (Mirror)
Aston Villa yavuganye ubwa mbere na Bayer Leverkusen ku Mufaransa Moussa Diaby w’imyaka 24 akina ku ruhande. (Sky Sports Germany)
Villa kandi iripfuza umukinyi wo ku ruhande wa Nottingham Forest n’umurwi nserukiragihugu wa Pays de Galles/Wales, Brennan Johnson w’imyaka 22. (Mail)
Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano y’imiriyoni 43 z’amapawundi n’uturusho tw’inyongera tw’imiriyoni 4.3 z’amapawundi ku munyegori wa Inter Milan Umunyakameruni André Onana w’imyaka 27. (Fabrizio Romano)
Tottenham igiye kwemerera umusatirizi wayo, Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29, amasezerano mashasha y’umushahara w’ibihumbi birenga 400 vy’amapawundi ku ndwi – hamwe n’akazi amaze gukukuruka – kugira ngo irabe ko yomugumya, ni mu gihe Bayern Munich yakobeje mu kumurondera. (Telegraph)
Tottenham yinjiye ku rutonde rw’imirwi irondera umukinyi w’inyuma wa Chelsea Umwongereza Levi Colwill w’imyaka 21, mu gihe atarashobora gutera igikumu ku masezerano mashasha y’igihe kirekire. (Standard)
Umurwi Atalanta wiyamirije ivyipfuzo vya Manchester United vyo gutanga amahera n’umukinyi ku musatirizi wa Danemark Rasmus Hojlund w’imyaka 20, ukaba umushakako amahera akwiye. (Athletic)
Arsenal yiteze kwanka imiriyoni 2,5 z’ama-euro zitangwa n’umurwi Besiktas wo muri Turukiya mu mukinyi wayo w’inyuma, Umwongereza Rob Holding w’imyaka 27. (Athletic)
Umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea Umwongereza Callum Hudson-Odoi w’imyaka 22, ariko aratera amero Crystal Palace, Fulham na Nottingham Forest. (Standard)
Fulham irafise icizere ko izotsinda imirwi ya Barcelona, Atletico Madrid, Arsenal na Liverpool mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Fluminense umunya-Brezili André Trindade w’imyaka 21. (90min)
Nottingham Forest iri mu biganiro bigeze kure irondera kugura umukinyi wo hagati wa Côte d’Ivoire Ibrahim Sangaré w’imyaka 25 asanzwe akinira PSV Eindhoven, ku giciro c’imiriyoni 30 z’amapawundi. (Football Insider)
Umunyegori wa Liverpool Caoimhin Kelleher w’imyaka 24 akomoka muri République d’Irlande yabonetse ko ashobora kuronderwa na Wolves mu gihe umunyegori wayo, umunya-Portugal Jose Sa w’imyaka 30 ariko araronderwa na Forest. (Mail)
Umukinyi w’inyuma wa Leeds umunya-Danemark Rasmus Kristensen w’imyaka 26, yiteguriye gutizwa muri Roma mu mwaka w’inkino uza. (Sky Sports)
Chelsea yegereye Lyon kugira ivugane nayo ku bijanye no kugura muri rino ci Umufaransa Rayan Cherki w’imyaka 19 akina ku ruhande. (90min)