Paris St-Germain yagiraniye amasezerano yo kugurisha umukinyi w’imbere wa Brezi Neymar n’umugwi Al-Hilal wo mw’ihiganwa ryo muri Arabia Saoudite, ku mahera yoba ashika imiliyoni 90 z’ama Euro.
Kugira uwo mukinyi w’imyaka 31 aje muri uwo mugwi, asabwa ko aba afise ibipimo bimeze neza kandi afise n’impapuro zikwiye.
Neymar yagiye muri PSG aguzwe amafaranga atari bwigere agurwa uwundi mukinyi agera ku miliyoni 222 y’ama Euro mu 2017, ntiyakinye urukino rwugurura ihiganwa ry’uyu mwaka mu Bufaransa ku musi wa gatandatu.
Ntari ku rutonde rw’abakinyi umumenyereza Luis Enrique yipfuza muri uyu mwaka w’inkino.
Ivyo kandi bijanye n’umukenyuro wa PSG wo guheba kuzana abakinyi karuhariwe baguzwe amahera menshi kandi bahembwa imishahara minini.
Neymar yategerezwa guhembwa umushahara ungana na miliyoni 25 z’ama Euro buri mwaka mu Bufaransa.
Yakiniye PSG inkino 173, afasha uwo mugwi gutwara ibikombe 13, harimwo bitanu vya Ligue 1, no gushika mu gice ca nyuma c’inkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo mu 2020.
Ariko igihe yamaze ku mugwa mukuru w’Ubufaransa, yahuye n’ibibazo vyo kuvunika cane ku jisho ry’ikirenge.