Bayern Munich yiteze kwongereza amafaranga yemera gutanga gushika ku miriyoni 70 z’amapawundi ku musatirizi w’Ubwongereza Harry Kane w’imyaka 29, ariko aya ashobora kudashikira ayasabwa na Tottenham kugira ngo yemere kumurekura, mu gihe amasezerano afitaniye nayo asigaje umwaka umwe. (Mail on Sunday)
Chelsea irondera imiriyoni 40 z’amapawundi ku musatirizi wayo, Umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30, asanzwe ariko araronderwa na Al-Hilal hamwe na Juventus, ni mu gihe kandi igiciro gitangwa na Inter Milan kuri uyu mukinyi akina muri uno murwi nk’intizo camiriwe kure. (Guardian)
Manchester United yashitse ku mwumvikano n’umusatirizi wa Danemark Rasmus Hojlund w’imyaka 20, uyu nawe akaba yiteze gusaba Atalanta ko yomwemerera kugenda mu gihe uyo murwi wa Old Trafford wonanirwa no gushika ku masezerano n’uno murwi wo mu Butaliyano umuronderako imiriyoni 60. (Football Transfers)
Tottenham iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda ku mukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Chelsea umunya-Espagne Marc Cucurella w’imyaka 24, mu gihe iriko irarondera uwushobora gusubirira umunya-Croatia akina ku ruhande Ivan Perisic w’imyaka 34. (Football Transfers)
Tottenham na Napoli ziripfuza umukinyi w’inyuma wa Borussia Monchengladbach Umuyapani Ko Itakura w’imyaka 26. (Sky Sports Germany, iciye kuri Get German Football News)
Abakinyi batandatu ba Paris Saint-Germain, harimwo babiri baguzwe muri rino ci, bituye abarongoye uno murwi biyamiriza amajambo aherutse kuvugwa n’umusatirizi w’Ubufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24, aho mu kiganiro n’ikinyamakuru France Football yanegura uno murwi n’abakinyi bashasha yari ihejeje kugura. (Sky Sports)
Chelsea yatanguye ibiganiro na Arsenal irondera amasezerano ku musatirizi wa Amerika Folarin Balogun w’imyaka 22. (Mail on Sunday)
Umukinyi wo ku ruhande wa Côte d’Ivoire Wilfried Zaha w’imyaka 30 asanzwe yararangije amasezerano afitaniye na Crystal Palace, ariko ariga ku masezerano mashasha yemerewe n’aba ba-Eagles, mu gihe nawe amaze kugiriranira ibiganiro na PSG, Napoli na Galatasaray. (Guardian)
Umurwi wo mu Buholande FC Twente uriko urarondera ko Manchester United yowutiza umusatirizi wa umunya-Uruguay Facundo Pellistri w’imyaka 21. (Voetbal International – mu giholande)
Bayern Munich yisunze ikigabane kiri mu masezerano ya Napoli n’umukinyi w’inyuma wa Korea y’Epfo Kim Min-jae w’imyaka 26 kivuga ko umurwi umukeneye utegerezwa gutanga imiriyoni 50 z’ama-euro, ikaba igiye kumuha amasezerano azomutuma ayikinira gushika mu 2028. (Sky Sports Germany)
Inter Milan yabwiye Bayern Munich ko ikeneye umunyegori w’Ubuswisi Yann Sommer w’imyaka 34 asanzwe asamira uno murwi uherutse gutahukana ihiganwa ry’Ubudagi. (Sky Sports Germany)
Burnley yemeye kwakira umukinyi w’inyuma wa Borussia Dortmund Umufaransa Soumaila Coulibaly w’imyaka 19 mu masezerano y’intizo arimwo igice c’uko mu gihe yoshaka kumugura izotegerezwa gutanga imiriyoni 15 z’ama-euro. (L’Equipe – mu gifaransa)
Fulham yiteguye guha amasezerano mashasha umukinyi wayo wo ku ruhande, umunyabrezili Willian w’imyaka 34, inyuma y’aho mu ndwi iheze yankiye aya mbere yari yemerewe. (Football Insider)