Umusatirizi wa Inter Miami, Lionel Messi, abaye umukinyi wa mbere mu mateka y’ihiganwa rya MLS (ry’imirwi y’umupira w’amaguru yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada) atahukanye ikirato c’inzahabu (Golden Boot) mu bihe bibiri vy’ihiganwa bikurikirana.
Messi, amaze no gutahukana agashimwe ka ‘Ballon d’Or’ incuro umunani, yinjije ibitsindo 26 mu nkino 31 yakinye. Arusha ibitsindo bine Peter Musa, umukinyi w’imbere wa FC Dallas, na bitanu Sam Surridge, umukinyi w’imbere w’Umwongereza akinira Nashville.
Messi abaye umukinyi agira gatandatu atahukanye ako gashimwe incuro zibiri. Agiye ku rutonde rw’abandi bakinyi harimwo Bradley Wright-Phillips yahoze akinira imirwi ya Charlton Athletic na Southampton.
Uretse ibitsindo yinjije, uwo mukinyi w’imyaka 39 yatanze kandi imipira 17 yavuyemwo ibitsindo mu nkino zose z’ihiganwa rya MLS. Ivyo vyatumye agira uruhara mu bitsindo 43, biciye mu kwinjiza ibitsindo no gufasha abandi kuvyinjiza, aca aba umukinyi wa mbere mwiza ku mwaka ugira kabiri yikurikirana.
Uwo yatwaye igikombe c’isi, arashobora kandi kwandika ayandi mateka mu gihe ariko arondera kuba umukinyi wa mbere atahukanye incuro zitatu agashimwe ka Landon Donovan MLS MVP, gahabwa uwigenjeje neza kurusha abandi muri MLS.
